
Iris News
@IrisNews_ • 6,858 subscribers
📰 👀 Suis Iris News pour capter l’actu 🇧🇮 en temps réel ! 🎯 Du vrai et du frais - ici et maintenant.
Videos

🚨 [#VYIHUTA] Umuriro wadutse ahadandarizwa imbaho i Jabe 🔥 Ahadandarizwa imbaho mu gisagara ca Bujumbura, mu quartier Jabe hafi ya Église Vivante, hadutse umuriro muri rino joro. Muri kano kanya ico kibanza kibandanya gusha. 📍 Nk'uko amakuru ya mbere turonse abitubwira, jwo muriro wadutse mu ruhande rw'epfo rw'aho hantu, hafi y'ibarabara rya 10. 👮♂️ Abanyagihugu hamwe n'abajejwe umutekano bamaze gushika aho uwo muriro wadukiye kugira bagerageze gutahura icawuteye no gukingira ko wokwira ahandi, mu gihe hakirindiriwe ko abajejwe kuzimya umuriro bahashika. 📰 Turabandanya gukurikirana uko ibintu vyifashe. #Burundi #Bujumbura #Jabe
Iris News30,959 views • 1 month ago

🎙️ Kwisiramuza kw'Umwami Mwambutsa mu 1929 biri mu vyatumye aba Islam bashigikira umuhungu wiwe, Rwagasore, n'umugambwe wiwe UPRONA mu 1961. ⚖️ Ikindi womenya ni uko gutakaza inguvu za poritike kwa Hussein Radjabu, akongera agafungwa, navyo biri mu vyatumye aba Islam batakaza inguvu bari bafise mu butegetsi. [📱Amakuru yacu yasange kuri Whatsapp hano : 📜 Mbega wari ubizi ko aba Islam ari bo bashinze umugambwe wa mbere mu Burundi? Ni na bo bakoze imyiyerekano ya mbere (#manifestation) mu gihugu c'Uburundi. 🎧 Ikaze mu Cegeranyo c'Umusi na Evalde Izikwumva . 📖 Uno musi tubandanya igice ca kabiri c'isesengura ryerekeye idini rya Islam mu Burundi.
Iris News12,449 views • 22 days ago

🎙️ "Vous savez que la #Belgique a condamné l'attitude rwandaise et continue de le faire, estimant qu'elle pratique une ingérence qui n'est pas acceptable. Nous l'avons fait non pas parce que nous sommes contre les Rwandais, nous avons à l'égard de l'autorité rwandaise énormément de respect..." 👉 Découvrez dans cette vidéo le compte rendu des échanges de Maxime PREVOT avec les dirigeants burundais, notamment avec le Président de la République SE Evariste Ndayishimiye, ce 26/04/2025 ⤵️
Iris News57,609 views • 1 year ago

La Passion et l'humanité. ♥️ 👉 Cet enseignant, avec son style original et décomplexé, transforme chaque leçon en une scène de chants et de bonne humeur, créant un environnement propice à l’épanouissement de ses élèves. 👌 Un véritable maestro de la pédagogie. Combien sur 10? #Burundi #IrisNews
Iris News31,030 views • 1 year ago

🛢️ “Turafise ibinogo vyojamwo imiriyoni 60 z’ama metero kibe y’ibitoro, ariko kugira hagire uwuja kuzana igitoro cose dukeneye agishikane ng’aha niho hari ikibazo. Usanga harimwo udutiriganya n’amanyanga,” niko vyashikirijwe na Minisitiri Ibrahim Uwizeye. 🗣️ Mu kiganiro c’abashikiranganji cabereye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 13 Ruheshi mu ntara ya Cibitoke, Umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu yagarutse ku kibazo c’ikena ry’ibitoro kimaze imyaka irenga ine. Yavuze kandi ko guhebera ico gisata abigenga bishobora kuba inzira ishoboka yo gukosora ico kibazo, n'ubwo bisaba gukorwa hisunzwe amategeko. 📌 Ubu butumwa buje mu gihe abanyagihugu bo hirya no hino mu gihugu baguma batabaza kubera ukutaronka ibitoro, ibintu bigira ingaruka ku bindi bisata vy’ubuzima bw’igihugu, nko ugutwara abantu n’ibintu canke ubudandaji. #Burundi #Ubutunzi #Ibitoro #IrisNews
Iris News25,095 views • 1 year ago

🗣️🤌| “Twaratewe !” Niko Patiri Adrien Ntabona avuga ku bijanye na “Intelligence Artificielle” 📝 Patiri Adrien Ntabona yavuze ko “Intelligence Artificielle ishaka kutwiyumvirira” ku buryo “ubwenge bwacu bushobora gutobekara”. 📖 Ivyo yabivuze kuri uyu wa gatandatu, mu gihe yashira ahabona igitabu gishasha yanditse, yise “L’océan de l’audiovisuel. Ses atouts et ses mésatouts”. ✍️ Muri ayo majambo yashikirije, Patiri Ntabona yagarutse ku buryo ubuhinga bugezweho, cane cane iry’Ubwenge bw’Ubukorano (Intelligence Artificielle), rishobora kugira ingaruka ku kuntu umuntu yiyumvira no ku bwigenge bw’ubwenge bwa muntu. 📌 Yamenyesheje ko abantu bakwiye “kwama bari maso” kugira ntibabe abaja b’ubwo buhinga bushasha. #Burundi
Iris News13,424 views • 9 months ago

🎙️ Mu Burundi, ngo umuntu wese ashaka kwitwa "Président" gushika no k'uwutwara ''Groupe Whatsapp". Bivugwa na Martin Niteretse, umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati. 💬Agira ati :”Usanga umuntu arongoye association ngo nyita president,uwundi afise akandi kantu, club ngo ndi president”. 🤔Kubwiwe ngo Prezida akwiye kuba umwe mu gihugu ari we mukuru w'igihugu, ngo harakenewe guhinyanyurwa amategeko n'amabwirizwa abigenga kuko benshi barondera iryo zina ivyo abona ko biteye ingorane. 👉 Martin Niteretse akabonako iryo jambo ryari rikwiye gukingirwa. umukuru w’igihugu wenyene ariwe yarakwiye kwitwa "Président". Akabona ko abandi bari bakwiye kwitwa aba “coordinateur” canke “rassembleur”…. 🥱 Kubwiwe ngo n’ikibazo kubona hari umuntu yiyita "président" adafise na komite nyobozi (comite éxécutif). #Burundi #Amakuru #IrisNews
Iris News16,262 views • 1 year ago
No more content to load