正在加载视频...

视频加载失败

11,067 次观看 • 8 个月前 •via X (Twitter)

0 条评论

暂无评论

原始帖子的评论将显示在这里

相关视频

🔴 Iperereza rya Ndayishimiye ryakiriye gute ifatwa rya Uvira ? Ubuho rigiye kubisigura gute ? 10.3.2025. umukozi w'iperereza Dieudonné Irakoze yitazira Dionne yatangaje ko Uvira idashobora gufatwa na M23. Yavuze ko Uvira itandukanye cane na Goma canke Bukavu, kubera Uvira ari Uburundi buzokwigwanira. Dionne yavuze ko Uvira ariho hazobera "match final", maze M23 izohatsindirwa ikaca yakwa uburere yafashe. 14.12.2025 : mwakiriye gute ifatwa rya Uvira ? Dionne ati "ifatwa rya Uvira rimeze nk'inkota mu mutima !" Ikiganiro cabandanirije ku kurondera ivyitwazo no gutuka abafasha Abarundi kumenya ibiriko biraba. 🔴 Iperereza rigiye kwishura gute ? Ubu abakozi b'iperereza rya Ndayishimiye bahamagariwe kurondera ivyitwazo bokwiza mu banyagihugu vy'ingene Uvira yafashwe. Hamwe no kwongereza gutuka abafasha Abarundi kumenya ibiriko biraba. Ni kumwe basokuru bavuga ngo : "uwo vyankiye avuga ngo ibirago biranyerera !" Hamwe uza wumva ngo bagomvye kwubahiriza Amasezerano ya Washington. Mbega ayo masezerano bayamenye uwo musi Uvira ifatwa ? Imbere ko bari bagumye bavuga ko Uvira idashobora gufatwa ? Imisi ibiri imbere, umushikiranganji Edouard Bizimana yari yakoranije abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, arashimangira ko Uburundi buzivuna hamwe abasoda babwo boterwa. Yarerekanye ko Uvira izoba umurongo utukura. Mbega ico gihe ntiyari bwamenye amasezerano ya Washington, mu gihe ari nawe yaherekeje Prezida Evariste i Washington ? Dionne Irakoze azanye umurongo mushasha nawe. Guta amakosa kuri RDC. Yamara amakuru abasoda b'Uburundi batwihera aratandukanye. Bavuga bati : twaratsinzwe, iyi ngwano si iyacu, ntayo dushoboye ! Uyu mukozi w'iperereza tuzomugarukako, tubahe amakuru twamutohojeko, be n'ivyo yari ajejwe mu bijanye n'intambara ya #RDC. #Burundi

FOCODE

30,230 次观看 • 8 个月前